Uko wahagera

Harabaye igitero kuri Ambassade y’Uburusiya, muri Libya


Intumwa ya prezida w'Uburusiya, Mikhail Margelov, lariko avugana n'abapfasoni b'Abanya Libya hanze ya Ambassade y'Uburusiya i Tripoli ku murwa mukuru wa Libya
Intumwa ya prezida w'Uburusiya, Mikhail Margelov, lariko avugana n'abapfasoni b'Abanya Libya hanze ya Ambassade y'Uburusiya i Tripoli ku murwa mukuru wa Libya
Abategetsi b’igihugu c’Uburusiya batangaje kw’umurwi w’abantu bagerageje kwinjira, mu kibanza kirimwo Ambassade y’Uburusiya, mu gihugu ca Libya batangura kurasa.

Amakuru yatanzwe n’abaserukira igihugu c’Uburusiya, muri Libya batangaje kw’ata bakozi bo muri Ambassade bakomeretse, muri ico gitero cabaye, ku musi wa gatatu ku murwa mukuru w’igihugu ca Libya, Tripoli. Bavuga kw’abagize ico gitero, batanguye kurasa, bongera batabura idarapo y’igihugu c’Uburusiya.

Imvo y’ico gitero ntiyamenyekanye, ku buryo butomoye buno nyene. Yamara amakuru atangaza ko bisa nuko abagize ico gitero bariko bishura kw’iyicwa ry’umusirikare w’umunya Libya. Hari amakuru avuga kw’umurusiya w’igitsinagore yagize uruhara mw’iyicwa ry’uwo musirikare.

Ico cabaye kimwe mu bitero bitari bike vyagizwe, ku bibanza vy’abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Libya.
XS
SM
MD
LG