Uko wahagera

Imbonerakure Ziraregwa Inyifato Itabereye


Innocent Banon
Innocent Banon

Haraze igihe kitari gito, urwaruko rwo mu Mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, rudomwako urutoke ko ruturubika abanyagihugu..

Abategetsi bo mu mugambwe uri ku butegetsi bavuga kw’abantu bose bo mur’uyo mugambwe bigenza nabi, barimwo urwaruka, bakwiye kubazwa ayo makosa ku gatwe kabo, ngo arinaco gituma inyifato itabereye ya bamwe mur’urwo rwaruko, idakwiye kwitirirwa umugambwe.

Yamara abategetsi barongoye imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bobo bavuga kw’iyo nyifato ikorwa n’urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi rwo mu mihingo itandukanye y’igihugu, ngo arinaco gituma bibaza kw’abategetsi bahurikiye mu mugmbwe uri ku butegetsi bashigikiye iyo nyifato canke barukingira ikibaba.

Bamwe mur’abo bategetsi baherutse no gutera akamo urwaruka ruhurikiye mu migambwe itavuga rumwe na reta, karusaba kuzosubiriiza mu nkoko, urwaruko rwo mu mugambwe uri ku butetsi.

Twaratumiye abashingantahe batandukanye bakwirikiranira hafi poltike yo mu Burundi kugira ngo bashikirize ivyivyumvivo vyabo kur’ivyo birego vyagirizwa urwaruka Imbonerakure hamwe no ku nyifato y’abanyapoltike basa n’abatanga impanuro mbi:
Abo bashingantahe nabo ni Deo Hakizimana, Gratien Rukindikiza, Methode Ndikumana hamwe na Innocent Banon.

Mushobora gutega amatwi ico kiganiro:
please wait

No media source currently available

0:00 0:29:37 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG