Abapolisi bamwagiriza ko yariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru ata burenganzira abifitiye, ngo kuko atar’umukuru w’umugambwe.
Umushingantahe Rwasa wewe, avuga kw’umunyagihugu wese afise uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyiwe, cane cane igihe ariko arishura ikiganiro cashikirijwe n’umutegetsi aserukira reta, igihe yavuga ko Agathon Rwasa ashobora gutohozwa ku birego bimwagiriza ko yagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu Gatumba.
Agathon Rwasa avuga kandi kw’ubutegetsi buriko buramujuragiza kuko bufise ubwoba kw’ashobora kubutwara amajwi, igihe amatora azotunganirizwa.
Mushobora kwumviriza ikiganiro yahaye Frederic Nkundikije.