Uko wahagera

Abapolisi Bazindutse Ku Nyubakwa Ya Agathon Rwasa.


Agathon Rwasa
Agathon Rwasa

Ku musi wa gatanu mu gitondo, abapolisi bazindukiye ku nyubakwa ya Agathon Rwasa, yahora arongoye umugambwe FNL.

Abapolisi bamwagiriza ko yariko araha ikiganiro abamenyeshamakuru ata burenganzira abifitiye, ngo kuko atar’umukuru w’umugambwe.

Umushingantahe Rwasa wewe, avuga kw’umunyagihugu wese afise uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro vyiwe, cane cane igihe ariko arishura ikiganiro cashikirijwe n’umutegetsi aserukira reta, igihe yavuga ko Agathon Rwasa ashobora gutohozwa ku birego bimwagiriza ko yagize uruhara mu bwicanyi bwabaye mu Gatumba.

Agathon Rwasa avuga kandi kw’ubutegetsi buriko buramujuragiza kuko bufise ubwoba kw’ashobora kubutwara amajwi, igihe amatora azotunganirizwa.
Mushobora kwumviriza ikiganiro yahaye Frederic Nkundikije.
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:08 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG