Uko wahagera

Papa Francis, Yararondeye Kwegera n’Ukwumva Abakundana n’Abo basangiye Ibitsina


Papa Francis ashitse ahari ibirori vy'ukumusezera ku kibuga c'indege co mu gisagara ca Rio de Janeiro kw'italiki 28 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'2013.
Papa Francis ashitse ahari ibirori vy'ukumusezera ku kibuga c'indege co mu gisagara ca Rio de Janeiro kw'italiki 28 z'ukwezi kw'indwi, umwaka w'2013.
Papa Francis, ariko aragerageza kwegera, n’ukwumva abakundana n’abo basangiye ibitsina, mw’idini rya Ekleziya Katolika, yamara yatangaje kw’imiryango yugaye, ku vy'uko Abapfasoni baba abapadiri.

Igihe yariko ava, mu gihugu ca Brezil, inyuma y’urugendo rwa mbere yari agize mu mahanga, kuva abaye Papa, Papa Francis, yaravuganye n’abamenyeshamakuru, ku musi wa mbere, ari mu ndege yari imutahukanye I Roma.

Yatangaje ataco afise avuga ku bapadiri barerwa ko bakundana n’abo basangiye ibitsina.

Papa Francis, yatangaje kw’idini rya Ekleziya Katolika rikibona, kw’imibonano hagati y’abasangiye ibistina, ari igicumuro, ngo yamara abakundana n’abo basangiye ibitsina ntibotegerezwa gukumirwa, kubera iyo nyifato yabo.

Papa Francis, yatangaje kw’abapfasoni botegerezwa kugira uruhara kurushiriza, mw’idini rya Ekleziya Katolika, yamara yamenyesheje ko Vaticano iciyemeje, ku vyerekeye kudashigikira kw’abapfasoni baba abapadiri.

Papa Francis, yatangaje ko Papa Jean Paul, yiyamirije kw’abapfasoni baba abapadiri, ngw’imiryango ikaba yugaye, kuri ico kibazo.

Papa Francis, yarangije urugendo rwiwe, mu gihugu ca Brezil, n’imisa mu kibanza kiri ku nkengera y’ibahari ca Copacabana.
.
XS
SM
MD
LG