Uko wahagera

Abashigikiye Mohamed Morsi Basavye ko Haba Imyiyerekano ku Musi wa Mbere


Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi
Abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi, basavye ko haba imyiyerekano ku musi wa mbere imbere, y’inyubakwa z’abajejwe umutekano, mu gihe babandanya kugagaza, ku ngingo y’igisirikare y’ugushiraho Reta nfatakibanza, haraheze hafi y’ukwezi.

Mw’itangazo, ku wa mbere, imirwi ishigikiye Morsi yasavye kandi, Abanya Misiri guhurira, ku musi wa kabiri, kugira bagire imyiyerekano y’abadashigikiye ikurwa ku butegetsi rya Mohamed Morsi, bashaka gusubira kuronka ubwigenge bwabo, n’agateka kabo.

Igisirikare c’igihugu ca Misiri, caragabishije abashigikiye Morsi, kuguma kure y’ibibanza vy’igisirikare, cane cane icicaro c’iperereza ry’igisirikare.

Igisirikare c’igihugu ca Misiri, kivuga kw’ivyo bibanza bihambaye cane, kw’urawiwe wese agerageje kuvyegera ashobora kugeramirwa.

Muri ico gihe, umutegetsi mukuru ajejwe imigenderanire, mw’ishirahamwe ry’ibihugu vy’I Bulaya, Catherine Ashton, ari I Cairo mu biganiro n’abategetsi nfatakibanza b’igihugu ca Misiri, urugendo rwiwe rugira kabiri, mu gihugu ca Misiri, mu kiringo c’ukwezi.
XS
SM
MD
LG