Uko wahagera

Abantu Mirongo irindwi na Bane, Barapfuye, mu Gutana,mu Mitwe mu Gihugu ca Misiri


Ibiziga vy'abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi bishwe mu gutana mu mitwe hagati y'inteko zijejwe umutekano n'abashigikiye prezida Morsi
Ibiziga vy'abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi mu gihugu ca Misiri, Mohamed Morsi bishwe mu gutana mu mitwe hagati y'inteko zijejwe umutekano n'abashigikiye prezida Morsi
Abategetsi b’igihugu ca Misiri, batangaje kw’ugutana mu mitwe hagati y’inteko zijejwe umutekano, n’abashigikiye prezida yakuwe ku butegetsi, Mohamed Morsi, kwahitanye abantu mirongo irindwi na bane canke barenga, ku murwa mukuru, Cairo ,no mu gisagara ca Alexandria, kuva ku musi wa gatanu.

Ni bumwe mu bwicanyi bukomeye bwabaye mu gihugu ca Misiri, kuva igisirikare muri ico gihugu gikuye ku butegetsi prezida Morsi, mu ntango z’uku kwezi, kikamupfungra icamaso.

Umurwi wa Morsi, Muslim Brotherhood, watangaje igipolisi carashe, ku bantu batari bafise ibirwanisho, bari mu myiyerekano, mu gice c’umurwa mukuru wa Misiri, Nasr City, aho abanywanyi b’umurwi, Muslim Brotherhood, bamaze indwi basaba ko prezida Morsi asubizwa ku butegetsi.

Umutegetsi w’igihugu ca Misiri, yarahakanywe ivyo vyagirizo, mu kuvuga kw’igipolisi carashe gusa, imyuka ibabaza mu maso, kw’abashigikiye Morsi, bari mu myiyerekano aribo bafise uruhara, mu bwicanyi bwabaye.

Mu gisagara ca Alexandria, abategetsi b’igihugu ca Misiri, batangaje abantu bari imbere, mu musigiti, barashe mu gice kiri mu micungararo yaho, ejo ku musi wa gatandatu, igihe abashigikiye Morsi, ba tangaza kw’abantu bitwaje ibirwanisho, barashe kuri uwo musigiti
XS
SM
MD
LG