Uko wahagera

Abategetsi b’Igihugu ca Espagne, Bariko Baratohoza Umudereva w’Itereni, Yagize Impanuka


Ibisigarira vy'itereni inyaruka cane yagize impanuka ku musi wa gatatu mu gihugu ca Espagne
Ibisigarira vy'itereni inyaruka cane yagize impanuka ku musi wa gatatu mu gihugu ca Espagne
Igipolis,i mu gihugu ca Espagne, carapfunze umudereva w’itereni inyaruka cane, yagize impanuka, ku musi wa gatatu, ihitana abantu mirongo nirindwi n’umunani, canke barenga.

Igipolisi catangaje ko kiriko kiratohoza, Francisco Jose Garzon Amo, yamara ntaragirizwa icese icaha na kimwe.

Uwo mudereva, muri iki gihe, afise imyaka mirongo itanu n’ibiri, yatawe mu mvuto, ku musi ku wa gatanu, mu bitaro aho ariko atora imitende, inyuma yuko akomeretse, igihe itereni yari atwaye, yagira isanganya.

.
Amakuru atangwa avuga kw’iyo tereni ishobora kuba yariko igenda ibirenga incuro zibiri urugero rwayo irekuriwe kugendera ko, rw’ibilometero mirongo umunani kw’isaha, igihe yagira impanuka, hanze y’igisagara ca Santiago de Compostela, mu buraruko bushira uburengero, bw’igihugu ca Espagne.

Abategetsi b’igihugu ca Espagne, batangaje ko bazomenya ibirengeye aho, bisunze agasandugu gafata amajwi k’iyo tereni, abajejwe itohoza bafise muri iki gihe.
XS
SM
MD
LG