Uko wahagera

Papa Francis, Yarahimbaje Imisa ya Mbere, Hanze y’igihugu c’Ubutaliyano


Pope Francis ariko araramutsa Abakristu igihe yashika mu kibanza gihezagiye ca Bikiramariya mu gisagara ca Aparecida, mu gihugu ca Bresil, ku musi wa gatatu, italiki 24 z'ukwezi kw'indwi
Pope Francis ariko araramutsa Abakristu igihe yashika mu kibanza gihezagiye ca Bikiramariya mu gisagara ca Aparecida, mu gihugu ca Bresil, ku musi wa gatatu, italiki 24 z'ukwezi kw'indwi

Papa Francis, yarashsitse mu gisagara ca Aparecida, kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Bresil, aho vyari bitegekanijwe kw'ahimbaza imisi n’Aba Katolika ibihumbi n’ibihumbi.

Abapolisi bagera ku bihumbi bibiri, bari barungitswe kwubahiriza umutekano, mu kibanza gihezagiye ca Bikiramariya, mu gisagara ca Aparecida, ikimenyetso ca Bikiramariya mu gihugu ca Bresil.

Abategetsi bari biteze kw’abantu bagera ku bihumbi amajana abiri bakoranira hanze y’ico kibanza gihezagiye, igihe Papa Francis azoba ariko arakigendera.

Inyuma yuko agendeye ico kibanza, bitegekanijwe ko Papa Francis, agaruka mu gisagara ca Rio de Janeiro, kubonana n’abanyororo bakiri bato, mu mabohero, n’ukugendera ibice bikenye ,vyo mu gisagara ca Rio de Janeiro, vyatujijwemwo imirwi y’abacuruza ibiyayura umutwe, mu ntango z’uyu mwaka.

Papa Francis, azokwugurura kandi igice c’ibitaro, vyo mu gisagara ca Rio de Janeiro, kijejwe kuvura abasinzikajwe, n’ibiyayura umutwe.

Ejo ku musi wa kane, vyitezwe kw’abakiri bato b’Aba Katolika beranga umuliyoni, baja mu gisagara ca Rio de Janeiro, mu birori vy’uguhimbaza umusi mpuzamakungu, wahariwe abakiri bato.
XS
SM
MD
LG