Uko wahagera

Abantu Bitwaje Ibirwanisho Barishe Umuhinga, mu Vyerekeye Politike, mu Gihugu ca Libani


Mohammad Darra Jamo
Mohammad Darra Jamo
Abategetsi bajejwe ubutungane, ibinyamakuru, Radiyo na Tleviziyo vya Reta, batangaje kw’umuhinga, mu vya politike, mu gihugu ca Syria, azwi kw’ashigikiye prezida wa Syria, Bashar al-Assad, yaragandaguwe, mu gihugu ca Libani.

Abantu bitwaje ibirwanisho bishe, Mohammad Darra Jamo, mu gitondo co musi ku wa gatatu, hanze y’inzu yiwe, mu gisagara ca Srafand, kiri ku nkengera z’ibahari, mu bumanuko bw’igihugu ca Libani.

Itororokanirizo ry’amakuru rya Reta, SANA, ryagirije abagira iterabwoba, bitwaje ibirwansiho, kuba bishe Jamo, kenshi aseruka ku ma televiziyo y’Abarabu.

Reta ya prezida Assad, kenshi akoresha ijambo, abagira iterabwoba, mu gihe iba ishaka kuvuga inteko zirwanya Reta ya Syria.

Muri ico gihe, abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, batangaje kw’ingwano mu gihugu ca Syria ihitana abantu bagera ku bihumbi bitanu ku kwezi, mu gihe impunzi zihunga ingwano, muri Syria, ku rugero rutari rwaboneke, kuva habaye ihonyabwoko, mu Rwanda, mu mwaka w’1994.
XS
SM
MD
LG