Uko wahagera

Umukangara w’umwigeme, wo mu gihugu ca Pakistani, Malala Yousafzai, Yasavye kw’Abantu bose kw’Isi Bashobora Kwiga, ku Musi w’Ishirahamwe O-N-U, “Malala Day”


Malala Yousafzai
Malala Yousafzai
Umukangara w’umwigeme, wo mu gihugu ca Pakistani, Malala Yousafzai, yarahimbaje imyaka yiwe cumi n’itandatu y’amavuko, mu kwemera gushigikira umugambi w’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, w’ugushira abana bose, cane cane abana b’abakobwa, mu mashule mu mwaka w’2015.

Yousafzai, yarashwe mu mutwe n’Aba Talibani bari bitwaje ibirwanisho, ariko atahuka i muhira, avuye kw’ishule, haraheze amezi icenda.

Abo BaTalibani bamurondeye, kubera yavugiye uburenganzira bw’abakobwa bw’ukuja mu mashule, mu gihugu ca Pakistani.

Yousafzai, yicaye mu kibanza c’ikoraniro rikuru ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, mu bisanzwe gihariwe umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe O-N-U, Ban Ki-moon, mu gihe Ban ki-Moon yatangaje umusi wa gatanu, “Malala Day”, n’ukuvuga umusi wahariwe Malala.

Malala Yousafzai, yamara yamenyesheje kw’iryo teka riterekeye we gusa.

Yatangaje kw’umusi witiriwe, “Malala Day”, atari umusi wiwe wenyene gusa, ngo n’umusi w’abapfasoni bose, abahungu bose, n’abigeme bose, badugije ijwi ryabo ku vyerekeye uburenganzira bwabo.
XS
SM
MD
LG