Iyo ngingo ifashwe no mur’iki gihe abategetsi bo muri reta y’imfatakibanza bafise umugambi wo gushira muri reta abahurikiye mur’uyo muhari.
Ibiro vy’umushikirizamanza bivuga ko vyatanze amategeko yo guhagarika umukuru w’uyo muhari, Mohammed Badie; umwe mu vyeregera vyiwe hamwe n’abandi bategetsi b’uyo muhari umunani. Abashikirizamanza, babagiriza ko bagumuye abanyagihugu mu bwicanyi bwahitanye abantu 51 ku murwa mukuru Cairo, ku musi wa mbere.
Umuvugizi w’umuhari Muslim Brotherhood avuga kw’iyo nyifato yo guhagrika abo bategetsi, ataho itandukaniye n’inyifato y’abategetsi batwaza igitugu.
Ejo ku musi wa gatatu nyene, ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, bwaratangaje ko president Mohamed Morsi yakuwe ku butegetsi, apfunzwe mu mugambi wo gukingira umutekano wiwe, kandi ngo afashwe neza mu cubahiro.
Mur’iki gihe kandi, presidence ya amerika ivuga kw’ikiiriko irihweza ivyabaye mu gihugu ca Misiri.
Nk’uko amategeko yo muri reta zunze ubumwe za amerika abivuga, reta ya Amerika yotegerezwa guhagarika imfashanyo iha igihugu ca Misiriri ingana n’amadolari Billioni imwe, mu gihe yosanga abasirikare barakoze coup D’Etat.
Yamara umuvugizi wa presidence ya Amerika, Jay Carney, yavuze ko guhindura iyo mfashanyo mur’iki gihe, bitari mu nyungu za reta zunze ubumwe za amerika.