Uko wahagera

Prezida wa Misiri, Adly Mansour, Yarasubiye ku Ngingo y’Ugutangaza Igenwa rya Mohamed ElBaradei, mu Mabanga y’Umushikiranganji wa Mbere w’Infatakibanza


Mohamed El-Baradei
Mohamed El-Baradei
Prezida mushasha w’igihugu ca Misiri asa nuko ariko arasubira ku ngingo y’ugutangaza kw'umutegetsi ashigikiye kw'ibintu bihinduka' mu gihugu ca Misiri, Mohamed ElBaradei' azoba umushikiranganji wa mbere w’infatakibanza.

Umuvuguzi wa prezida w’infatakibanza, Adly Mansour, yabwiye abamenyeshamakuru' ejo ku musi wa gatandatu' kw’imibonano ibandanya, akaba yarahakanye kw’igenwa rya Mohamed ElBaradei, yaronse agashimwe kitiriwe Nobel, cari ikintu kigaragara.

Nata bandi bakandida yamenyesheje, yamara yarangaje kw’ata taliki ihari, ku vyerekeye igenwa ry’umushikiranganji wa mbere w’infatakibanza.

Imbere yaho, ejo ku musi wa gatandatu, abategetsi b’abatavuga rumwe na Reta batangaje ko ElBaradei yatumweko na prezida w’infatakibanza, Adly Mansour, ko yari kurahira mu mpera z’umusi w’ejo ku wa gatandatu, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere w’infatakibanza.

Umuvugizi akomeye w’umurwi, Muslim Brotherhood, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, kw’uwo murwi wiyamirije igenwa rya ElBaradei, mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere, abashigikiye umurwi, Muslim Brotherhood, bakaba bariyemeje kubandanya imyiyerekano yabo gushika, Mohamed Morsi, yahoze ari prezida w’igihugu ca Misiri, prezida wa mbere w'igihugu ca Misiri yavuye mu matora yisunze demokrasi, agarukanywe ku butegetsi.
XS
SM
MD
LG