Abategetsi b’igihugu ca Senegal, baragirije icese Hissene Habre, yahoze ari prezida w’igihugu ca Chad, ivyaha vyo mu ngwano, gufata abantu bunyamaswa n’ivyaha bityoza agateka ka muntu.
Hissene Habre, yatwaye igihugu ca Chad, kuva mu mwaka w’1982, gushika igihe haba coup d’etat y’igisirikare, mu mwaka w’1990, yagirijwe ko yahagarikiye iyicwa ry’abantu barenga ibihumbi mirongo ine, bifatiye ku mpamvu za politike, gufata abantu bunyamaswa ikivunga, n’irindi tyozwa ry’agateka ka muntu.
Hissene Habre yapfunzwe, ku musi w’Imana, avanywe i muhira iwe, ku murwa mukuru w’igihugu ca Senegal, Dakar, aho yabaye mu mwidegemvyo, kuva akuwe ku butegetsi.
Sentare idasanzwe yashikirijwe ivyo vyagirizo, ejo ku musi wa kabiri, yategetse kw’aguma apfunzwe.
Umu avocat w’ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Human Rights Watch, Redd Brody, yavuze kw’ivyo vyagirizo ari intsinzi ikomeye y’abasinzikajwe na Hissene Habre, batigeze bata umwizero kw’umusi uri izina bazobona ubutungane bwubahirijwe.
Brody, yatangaje kw’ihagarikwa rya Habre, ari ubutumwa ,ku bategetsi batwaza agahotoro kw’is,i biyumvira kugandagura abanyagihugu isinzi, bibaza ko batazokwishura kuri ivyo vyaha.