Uko wahagera

Umuryango wa, Nelson Mandela, Uvuga kw’Ameze Neza, muri iki Gihe


Nelson Mandela
Nelson Mandela
Umukobwa wa Nelson Mandela yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo, yatangaje ko Mandela ameze neza, mu gihe ariko atora akoyoko, mu bitaro inyuma yuko agize ibibazo mu mahaha.

Ivyo Zenani Mandela-Dlamini, Ambassadeur w’igihugu ca Afrika y’epfo, mu gihugu ca Argentine, yabitangarije abamenyeshamakuru, ejo ku musi wa mbere, bariko bakoraniye hanze y’ibitaro, mu gisagara ca Pretoria, aho se wiwe ariko aravurirwa.

Ku musi w’Imana, prezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, yavuze kw’amagara ya Mandela, muri iki gihe, afise imyaka mirongo icenda n’ine, akimeze nabi, yamara kw’abaganga biwe bariko babona kw’ariko atera agira akoyoko.

Mandela-Dlamini niwe mukobwa mukuru wa Nelson Mandela, yavyaranye n’uwahoze ari umutambukanyi wiwe, Winnie Mandela.

Umutambukanyi wiwe, muri iki gihe, Graca Machel, yarasohoye ubutumwa, ejo ku musi wa mbere, bw’ugushimira abantu bo mu bice bitandukanye, vyo kw’isi bifurije Mandela gukira ningoga.
XS
SM
MD
LG