Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w’Igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, Yavuze kw’Ari Akazi Kiwe, Kwirukana Abari mu Myiyerekano, mu Kibanza Bari Bakoraniyemwo


Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan
Umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yabwiye abantu ibihumbi amajana n’amajana bamushigikiye, ko gukura abari mu myiyerekano, mu kibanza abantu binezerezamwo, mu gisagara ca Istambul, kari akazi kiwe.

Mw’ijambo yashikirije abantu isinzi bariko bamwumviriza, ejo ku musi w’Imana, Erdogan yavuze kw’imyiyerekano y’indwi zibiri mu mabarabara, yakoreshejwe n’abagira iterabwoba.

Yariyamirije ivyatangajwe n’abatavuga rumwe na Reta, vyuko yigenza nk’umutegetsi atwaza agahotoro, akaba yagirije ibinyamakuru, amaradiyo n’amateleviziyo vyo mu mahanga, kubera vyawirikiranye imyiyerekano, muri Turkiya.

Mu gihe yariko aravuga, abapolisi bajejwe kurwanya imigumuko, bararashe imyuka ibabaza mu maso, kugira babuze abari mu myiyerekano, gukoranira mu kibanza ca Taksim Square, kiri hagati mu gisagara ca Taksim Square, inyuma yuko abapolisi babakuye, ku nguvu, mu kibanza kiri hafi yaho abantu binezerezamwo, aho imyiyerekano ikomeye y’ukwiyamiriza Reta ya Erdogan yabereye.

Umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, yatangaje kw’ukwihangana kwiwe ku bagira imyiyerekano kwarangiye.

Inteko zijejwe umutekano zakoresheje imyuka ibabaza mu maso, n’imiringoti y’amazi, kugira zikure abari mu myiyerekano, mu kibanza c'ukwinezerezamwo, ku muhingamo wo ku musi wa gatandatu w’iyi ndwi turangije.
.
XS
SM
MD
LG