Uko wahagera

Prezida Yavuye mu Matora muri Irani, Hassan Rowhani, Yarahayagije Intsinzi Yiwe


IAmasanamu ya prezida yavuye mu matora muri Irani, Hassan Rowhani mu minwe y'abamushigikiye
IAmasanamu ya prezida yavuye mu matora muri Irani, Hassan Rowhani mu minwe y'abamushigikiye
Prezida yavuye mu matora, mu gihugu ca Irani, Hassan Rowhani, yarahayagije intsinzi yiwe mu matora y’umukuru w’igihugu ,muri Irani, mu kuvuga kw’ari intsinzi ku bafise ivyiyumviro vy’intagondwa, mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi, bamushigikiye bariko bahimbaza intsinzi yiwe mmu mabarara yo ku murwa mukuru wa Irani, Teherani, ejo ku musi w’Imana.

Muvyo yatangaje ubwa mbere, inyuma y’amatora yo ku musi wa gatanu, Hassan Rowhani, umutegetsi w’idini, ashaka guhindura ibintu, yavuze kw’amatora yo ku musi wa gatanu, ari intsinzi y’abadafise ivyiyumviro vy’intagondwa, ku bafise ivyiyumviro vy’intagondwa.

Benshi mu bitegereza ibintu babona intsinzi ya Rohwani, nk’ukwiyamiriza intagondwa.

Prezida yavuye mu matora, Hassan Rowhani, yariyemeje gukomeza imigenderanire n’amakungu, nah'umutegetsi kizigenza w’idini, Ayatollah Khamenei, ariwe afise ijambo rya nyuma, ku bibazo vyose bikomeye, harimwo imigambi yerekeye ubuhinga bwa nucleaire.
XS
SM
MD
LG