Uko wahagera

Umutegetsi w’Idini Atari Intagondwa, Hassan Rowhani,Yaratsinze Amatora y’Umukuru w’Igihugu, muri Irani


Amasanamu ya prezida Mushasha wa Irani, Hassan Rowhani
Amasanamu ya prezida Mushasha wa Irani, Hassan Rowhani
Umushikiranganji ajewe intwaro yo hagati, w’igihugu ca Irani, yatangaje kw'umutetetsi w’idini, adafise ivyiyumviro vy’intagondwa, Hassan Rowhani, ariwe yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu muri Irani, ikaba yabaye intsinz,i ku bayobozi b’igihugu b’intagondwa yatangaje.

Rowhani, abashaka kw’ibintu bihunduka muri Irani ,bashigikiye, yigeze kuba umutegetsi mukuru ajejwe ibiganiro, ku vyerekeye ubuhinga bwa nucleiare, yaronse hafi y’amajwi imiliyoni cumi n’icenda, ku majwi agera ku miliyoni mirongo itatu n’indwi yaharuwe.

Yaronse ibirenga gatoyi ibice mirongo itanu kw’ijana vy’amajwi, mu vyatumye ata ncuro ya kabiri y’amatora ihaba.

Umukandida yari amwegereye cane, umukuru w’igisagara ca Teherani, Mohammad Bgher Qalibaf, yatsinze n’amajwi arenga ibice cumi na bitandatu kw’ijana.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, zarakeje Abanya Iran,i ku ruhara bagize mu matora.
Umuvugizi wo mu biro kwa prezida wa Amerika, Jay Carney akaba yavuze ko Reta ya Obama yubaha ivyavuye mu matora.

Abanya Irani bagera ku miliyoni mirongo itanu, bari barekuriwe gutora, mu matora yabaye, ku musi wa gatanu, mu vyatumye igitigiri c’abitavye amatora kirenga ibice mirongo irindwi kw’ijana.
XS
SM
MD
LG