Uko wahagera

Igitabo mu Rurimi Rw’igifransa, ku Madeni Mabi muri Afrika, "La Dette Odieuse de L’Afrique: Comment L’Endettement et la Fuite des Capitaux ont Saigne un Continent", Giherutse Gusohoka


Professor' Leonce Ndikumana, yigisha ivyerekeye ubutunzi, kuri kaminuza ya Reta ya Massachussets Amherst
Professor' Leonce Ndikumana, yigisha ivyerekeye ubutunzi, kuri kaminuza ya Reta ya Massachussets Amherst
Ico gitabo, professeur, Leonce Ndikumana, yigisha ivyerekeye ubutunzi kw’ishule kaminuza ya Reta ya Massachusetts Amherst, yanditse afatanije na James K. Boyce, ubwa mbere mu rurimi rw’icongereza haraheze imyaka ibiri, casohotse icese, mu rurimi rw’igifransa, mu gihugu ca Senegal, haraheze indwi zibiri.

Professeur, Leonce Ndikumana, avuga kw’amadeni ibihugu vya Afrika vyaguranije, atafashije mw’iterambere ry’Abanyafrika, kw’ahubwo yafashije, mu kwongereza ubutunzi bw’abayanyuruje, mu gihe Abanyafrika babandanya kuriha ayo madeni.

Diane Nininahazwe, umumenyeshamakuru akora kuri Radiyo Bonesha FM, i Bujumbura, na Gildas Yihundimpundu yarangije ivyerekeye ubutunzi, mw’ishule kaminuza y’Uburundi, barabajije ibibazo professeur, Leonce Ndikumana.

Tubatege amatwi:
please wait

No media source currently available

0:00 0:14:15 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG