Uko wahagera

Imigambi ya Club Desperados Mu Burundi.


Desperados Club
Desperados Club

Club Deperados iri mu ma club yo mu Burundi amaze imyaka itari mike.

Kuva mu ntango, Club Depesrados yari club ishaka gushira hamwe abanywanyi bayo mu bikorwa vyo kwinonora imitisi biciye mu nkino z’umupira w’amagura:

Nk’uko umukuru w’iyo CluB Emmanuel Kidasharira batarira Kid yabibwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, umugambi wa mbere w’iyo club, ntabwo ar’ukuja mu mahiganwa y’umupira w’amaguru, akorerwa mu mashiramwe hamwe no mu maequipe y’umupira w’amaguru:

Ahubwo ngo umugambi nyamukuru n’ugukomeza umutima wo kugumana abagenzi ba kera, kwinonora imitsi hamwe no gutorokanya urwaruka rukunda kandi rukina umupira w’amaguru.

Club Desperados, irashira kandi imbere ibikorwa vyo kugarukira imbabare nk’uko vyigaragaje igihe iyo cluba yafasha abanyagigu bo mu ntara ya Kirundo, igihe bari bageramiwe n’ikibazo c’inzara:

Club Desperados yarashoboye kandi kuguma iri kumwe n’abanywanyi bayo ba kera no mur’iki gihe bamwe basigaye baba mu bihugu vyo mu mahanga:

Twaraganiye n’umukuru w’iyo equipe, Emmanuel Kidasharira ( Kid) hamwe na Joseph Bitamba, nawe nyene ari mu banywanyi batanguye iyo Club, hamwe Leandre Barampahaje, umunywanyi w’iyo club:

Mushobora kwumviriza ikiganiro:
please wait

No media source currently available

0:00 0:15:20 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG