Uko wahagera

Integuro y’Itegeko Rigenga Itangazamakuru


Anicet Bavumiragiye
Anicet Bavumiragiye

Mu misi iheze, inama nshingamateka y’Uburundi, yaremeje integuro y’itegeko rigenga umwuga wo gutangaza amakuru.

Mu gihe iyo nteguro y’iryo tegeko yokwemezwa n’inama nkenguzamateko, igaterewako igikumu n’umukuru w’igihugu, maze igacika itegeko, iryo tegeko ryoha uburenganzira reta y’Uburundi bwo gucira ihadabu ikomeye abamenyeshamakuru canke ibinyamakugu birenga ku mategeko.

Vyongeye, urwego rujejwe gukwirikirana ibishikirizwa n’ibinyamakuru hamwe n’amaradiyo, rushobora kugira ububasha bwo kwaka uburenganzira abamenyeshamakuru bwo kurangura imirimo yabo, kandi rushobora no kubasubiza ubwo burenganzira.

Inyuma y’aho iyo nteguro y’iryo tegeko yemerewe, abamenyeshamakuru, barayiyamirije kuko bavuga ko mu gihe itegeko nk’iryo ryokwemerwa, umwuga wo gutangaza amakuru mu Burundi, uzoba ugeramiwe.

Mu kiganiro cacu Dusangire Ijambo co mu ndwi twaraye turangije, twaraganiye n’umushingantahe Maurice Nduwayo ashigikiye iryo tegeko hamwe n’umushingantahe Anicet Bavumiragiye, yiyamiriza iryo tegeko:

Mushobora kwumviriza ikiganiro:
please wait

No media source currently available

0:00 0:23:48 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG