Uko wahagera

Abacamanza Bakomeye mu Gihugu ca Misiri Basavye kw’Umushikirizamanza Mukuru Yaganywe na Prezida Mohamed Morsi Atanga Imihoho


Umushikirizamanza mukuru w'igihugu ca Misiri, Talaat Abdullah ari kumwe na prezida Mohamed Morsi
Umushikirizamanza mukuru w'igihugu ca Misiri, Talaat Abdullah ari kumwe na prezida Mohamed Morsi
Urwego ntahinyuzwa rujejwe ubutungane, mu gihugu ca Misiri, rwasavye kw’umushikirizamanza mukuru, yagenywe na prezida wa Misiri, Mohamed Morsi atanga imihoho, mu kimenyetso ca nyuma c’uruhagarara, mu gihugu ca Misiri.

Urwego ntahinyuzwa rujejwe ubutungane, mu gihugu ca Misiri, rwasohoye itangazo, ejo ku musi w’Imana, rivuga kw’umushikirizamanza mukuru, Talaat Abdullah, yotegerezwa gusubira mu kazi yarimwo imbere yaho k’umucamanza, ku neza y’ubumwe mugisata c’ubutungane.

Ugutanga imihoho kwa Abdullah, n’ikintu gikomeye, gisabwa n’abatavuga rumwe na Reta y’igihugu ca Misiri, bamwagiriza ko akwirkirana ivyagirizo, ku banebagura prezida Morsi, n’umurwi wiwe, Muslim Brotherhood.

Ibiro vya Abdullah, vyasohoye impapuro z’uguhagarika, mu kwezi guheze Bassem Youssef afise programe y’ugutwenza abantu, kuri televiziyo, mu kumwagiriza ko yatutse prezida Morsi, n’idini rya Islamu.

Imbere yuko yishiirije, Youssef, yararekuwe atanze ingwati. Ivyagirizo kuriwe vyaranebaguwe na Reta Zunze Ubumwe Za Amerika, zagirije Reta y’igihugu ca Misiri, bicuditse cane mu vya gisirikare, kw'iriko igeramira ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro.

Abacamanza n’abashikirizamanza batari bake baragize imyiyerekano y’ukwiyamiriza Abdullah, igihe yagenwa kuba umushikirizamanza mukuru, mu kwezi kw’icumi na kabiri, mu mwaka uheze.

Iyo myiyerekano yatumye atanga imihoho, yamara mu nyuma yahoo yarasubiye ku ngingo yiwe akaba yagumye mu mabanga yiwe.
XS
SM
MD
LG