Uko wahagera

Sentare Ntahinyuzwa y’Igihugu ca Kenya Yatangaje kw’Amatora yo kw’Italiki Zine z’Ukwezi kwa Gatatu Yemewe


Prezida yatowe muri Kenya, Uhuru Kenyatta
Prezida yatowe muri Kenya, Uhuru Kenyatta
Sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya, yaremeje ugutorwa kwa Uhuru Kenyata kuba prezida.

Umucamanza mukuru wa sentare ntahinyuzwa y’igihugu ca Kenya, Willy Mutunga, yatangaje ko sentare ntahinyuzwa yatangaje, ejo ku musi wa gatandatu, ko Kenyatta n’icegera ciwe, William Ruto batowe, mu buryo bwemewe n’amategeko.

Mutunga yatangaje kw’amatora yabaye, hisunzwe ingingo z’ibwirizwa nshingiro.

Raila Odinga, yarangije mu kibanza ca kabiri, yaritwariye ivyavuye mu matora yo kw’italiki zine z’ukwezi kwa gatatu, yaremeye ingingo ya sentare ntahinyuzwa, akaba yarahaye ikaze Kenyatta.

Hanze ya sentare ntahinyuzwa, ku murwa mukuru, Nairobi, igipolisi cararashe imyuka ibabaza mu maso, ku murwi w’abashigikiye Odinga, bari bashavuye.

Imyiyerekano yaradutse, mu gisagara ca Kisumu, kiri mu burengero, aho Odinga ashigikiwe cane.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, yarabonye abari mu myiyerekano bane, basa n’abario bakomeretse, mu gutana mu mitwe n’igipolisi.
XS
SM
MD
LG