Papa mushasha Francisco wa mbere, yatangaje ko yifuza kw’idini rya Ekleziya katorika ryoba idini ry’abaken,e mu kimenyetso ciwe ca mbere, ku bwoko bw’’idini rya Ekleziya Katolika ashaka kuyobora.
Ivyo Papa Francisco wa mbere, yabitangarije abamenyeshamakuru, amajana n’amajana, i Vaticano, ejo ku musi wa gatandatu, umusi ugira gatatu, ari mu mabanga y’ukuyobora Ekleziya Katolika, inyuma yuko atowe gusubirira Papa Benedicto.
Ivyatangajwe na Papa Francisco wa mbere, vyabonywe ko vyashatse kuvuga Ekleziya Katolika yicisha bugufi kurushiriza, ikunda abakene.
Papa Francisco wa mbere, yarasiguye kandi igituma yahisemwo izina Francisco.
Yatangaje ko yiyumviye Umutagatifu Fansisco wa Assisi, yabaye rurangiranwa mu kuvugira abakene, akaba yabaye akarorero, ku vyerekeye amahoro, n’ukwicisha bugufi.
Papa Francisco wa mbere, avuka mu gihugu ca Argentine, akaba ariwe mu Papa wa mbere aturuka, mu karere ko muri Amerika y’epfo, azwi kuba yicisha bugufi.
Ejo ku musi wa gatandatu, Papa Francisco wa mbere, ntaco yavuze, ku marorerwa yerekeye Ekleziya Katolika.