Uko wahagera

Umukwe wa Osama Bin Laden azocirwa Urubanza I New York


Umushikirizamanza kizigenza wa Amerika, Eric Holder
Umushikirizamanza kizigenza wa Amerika, Eric Holder
Umukwe wa Osama Bin Laden, yahoze ari umuvugizi w’umugwi al-Qaida, yarafashwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba yajenywe mu gisagara ca New York gucirwa urubanza.

Abategetsi ba Departement ya Reta ya Amerika, batangaje ko Sulaiman Abu Ghaith, aza guseruka imbere ya sentare, uno musi ku wa gatanu, ku vyaha vyuko yataguye ari kumwe n’abandi kwica Abanyamerika.

Peter King, Umudepite W’Umu Republika, wo mu ntara ya New York, yatangaje, ejo ku musi wa kane, kw’abakozi b’ibiro bijejwe iperereza vya Amerika, CIA, n’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi, FBI, baherutse gufata, mu misi ya vuba Abu Ghaith, mu gihugu ca Jordaniya.,

Ikinyamakuru co mu gihugu ca Turkiya, catangaje ko Abu Gaith yafashwe, mw’ihoteri, ku murwa mukuru wa Turkiya, Ankara.

Amakuru yatangaje yacitye arungikwa, mu gihugu ca Jordaniya, aho abakozi bajejwe iperereza ba Amerika baciye bamufata.

Abategetsi b’igihugu ca Turkiya, ntaco bavuze kuri iyo nkuru.

Umushikirizamanza kizigenza wa Amerika, Eric Holder, yatangaje kw’ifatwa rya Abu Ghaith, vyerekana ukwiyemeza kwa Amerika, ku vyerekeye gushira imbere y’intahe, abo bose bagize ibitero, mu bisagara vya New York, na Washington, kw’italiki cumi n’imwe z’ukwezi kw’icenda, mu mwaka w’2001.
XS
SM
MD
LG