Uko wahagera

Ishule Ry’Umupira W’amaguru Mu Burundi.


Ishule ry'umupira w'amaguru. Jean Paul Rwitanaga
Ishule ry'umupira w'amaguru. Jean Paul Rwitanaga

Iryo shule ryigisha urwaruka ubuhinga bwo gukina umupira w’amaguru ryatangujwe n’umushingantahe Pierre Claver Rurakamvye.

Urwaruka ruri mur’iryo shule rutorwa mu bice bitandukanye vyo ku murwa mukuru Bujumbura, mu Burundi.

Umugambi w’iryo shule nk’uko president waryo Pierre Claver Rurakamvye Abega yabibwiye iradiyo Ijwi rya Amerika, n’ukwigisha urwo rwaruka ubuhinga bwo gukina umupira w’amaguru kugira ngo, urwo rwaruko ruzoshobore guserukira Uburundi mu nkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru, imbere y’impera z’umwaka w’2017.

Umushingantahe Pierre Claver yaravuze kandi ku vyerekeye ukuntu iryo shule ryiyungunganya mu kurondera ibikoresho, hamwe n’ukuntu rikorana n’abarundi batari bake b’abagira neza, haba abari mu gihugu hagati canke ababa mu mahanga.

Yarishuye kandi n’ibibazo yabajijwe na Jean Paul Rwitanaga hamwe na Habib Mperanyi, basanzwe bazi iryo shule, kandi bakwirikiranira hafi bikorwa vyaryo.

Tubatege amatwi mur’iki kiganiro, cari gihagarariwe na Frederic Nkundikijje.
please wait

No media source currently available

0:00 0:15:28 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG