Uko wahagera

Umurwi M23, Warigaruriye Igisagara ca Goma


Safari Munyarugerero na Emmanuel Sekiyobe
Safari Munyarugerero na Emmanuel Sekiyobe

Umurwi urwanya ubutegetsi mu gihugu ca Congo, winjiye mu gisagara ca Goma ku musi wa kabiri w’indwi iheze.

Uyo murwi uherutse gutangaza kw’ushobora kubandanya ufata ibindi bisagara, ugashobora no gushika I Kinshasa, mu gihe reta ya Congo yobandanya kwanka kugira ibiganiro.

Abategetsi bo mu ntara hamwe n’abategetsi bo mu bihugu vya Afrika, barabandanya utwigoro two kuraba ukuntu umurwi M23 wohagarika uyo mugambi wo kubandanya gufata ibisagara vyo mu buseruko bwa Congo hamwe n’ukuntu uyo murwi wova mu gisagara ca Goma.

Mbega abanyeCongo bobo bava mur’iyo ntara, bavuga iki ku mutekano muke usigaye urangwa mur’iyo ntara, hamwe n’ukuntu abanyagihugu bo mur’iyo ntara bamerewe mur’iki gihe?

Reka twumvirize, umushingantahe Gode Chiri Haguma, Safari Munyarugendo hamwe na Emmanuel Sekiyoba, bose bafise amamuko mur’iyo ntara, ariko ubu baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika:
please wait

No media source currently available

0:00 0:24:10 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG