Uko wahagera

Umumenyeshamakuru w’Umunyasomaliya Yarishwe


Abamenyeshamakuru muri Somalia Batwaye Ikiziga ca Mugenziwabo w'Umumneyeshamakuru ku Maziko
Abamenyeshamakuru muri Somalia Batwaye Ikiziga ca Mugenziwabo w'Umumneyeshamakuru ku Maziko
Abantu bitwaje ibigwanisho bararashe umumenyeshamakuru wo kuri televiziyo w’Umunyasomalia, akaba abaye umumenyeshamakuru agira uwa cumi n’umunani yishwe, muri uyu mwaka, muri Somalia.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru muri Somalia, ryatangaje ko Ahmed Farah Ilyas, umumenyeshamakuru wo kuri televiziyo Universal, yishwe arashwe, mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri, mu gice ca Las Anod, co mu ntara ya Sool muri Somalia.

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru, ryatangaje kw’uwo mumenyeshamakuru wo kuri Radiyo, Shabelle Media Network, Mohamed Mohamud, yararusimvye ku gitero cabaye ku musi w’Imana, ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Somalia ni kimwe mu bibanza abameneyshamakuru bageramirwa kurusha ahandi kw’isi.
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru muri Somalia, riremera kw’ubwo bwicanyi ari umugambi w’ukubanumya, rikaba risaba abategetsi kugira itohoza.

Nta bantu abategetsi, muri Somalia, barahagarika, ku bijanye n’ubwo bwicanyi
XS
SM
MD
LG