Kuva aho habereye coup coup d’etat mu gihugu ca Mali, ibibazo vy’umutekano hamwe n’ibibazo vya politike, birabandanya kwiyongera mur’iki gihe ishirahamwe ryo mu bihugu vyo mu burengero, CDEAO, ririko riragerageza kuraba ukuntu ryofasha igihugu ca Mali gusubira kwigarurira intara zo mu buraruko bw’igihgu, zafashwe n’imirwi irwanya ubutegetsi y’abaIslamu.
Mu kiganiro cacu gishikiriza ivyiyumviro vy’abanywanyi b’iradiyo Ijwi rya Amerika, Freddy Nkurikiye akorera ishirahamwe Interafrica, ari mu rugendo mur’iki gihe mu gihugu ca Mali, aho amaze kugendera ibice bitari bike vy’ico gihugu, yaratanze amakuru y’imvaho y’ukuntu abanyagihugu bamerewe, ukuntu politike hamwe n’umutekano vyifashe mu r’iki gihe.
Abatumire bamubajije ibibazo nabo, ni professeur Fabien Cishahayo hamwe na Deo hakizimana, yigeze guhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu mu Burundi, mu myaka ibiri irangiye: Iki kiganiro cari gihagarariwe na Frederic Nkundikije.