Uko wahagera

Abashingamateka muri Somalia baratoye Prezida Mushasha.


Prezida Mushasha wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamud
Prezida Mushasha wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamud
Abashingamateka muri Somalia batoye Hassan Sheikh Mohamud kuba prezida mushasha wa Somalia.

Hassan Sheikh Mohamud ari mushasha mu vya politike, yatsinze prezida yari ahasanzwe, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed mu ncuro ya gatatu y’amatora yabaye ejo ku musi wa mbere, aho yashigikiwe n’abashingamateka bashaka ihinduka mu buyobozi.

Hassan Sheikh Mohamud yaronse amajwi ijana na mirongo icenda mu gihe Sharif Ahmed yaronse amajwi mirongo irindwi c’icenda.

Hassan Sheikh Mohamud yaciye arahira buno nyene inyuma y’amatora. Yarashimiye prezida Ahmed kuba yayoboye Somaliaa mu nzira y’amatora azokwibukwa, akaba yasavye Abenyesomalia kumufata mu mugongo.

Uwahoze ari prezida wa Somalia, Sheikh Sharif Sheikh Ahmed yarameye ko yatsinzwe imbere y’inama nshingamateka, akaba yatangaje kw’azoshigikira prezida Mushasha.

Ayo matora ya prezida mushasha muri Somalia n’intambwe ikomeye mu mugambi ushigikiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, w’ugushiraho Reta ikora neza kurushiriza muri Somalia inyuma y’imyaka mirongo ibiri y’ingwano n’akajagari.

Ayo matora akwirikiye iyemezwa ry’ibwirizwa nshingiro rishasha n’ishirwaho ry’inama nshingamateka nshasha mu kwezi guheze.
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:05 0:00
Ibishamikiyeho
XS
SM
MD
LG