Uko wahagera

Meles Zenawi Yaritavye Imana Ku Musi wa Mbere


Ethiopia's Prime Minister Meles Zenawi in Addis Ababa, January 27, 2012.
Ethiopia's Prime Minister Meles Zenawi in Addis Ababa, January 27, 2012.
Ikiziga ca Meles Zenawi caratahukanywe n’indege ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba ejo ku musi wa kabiri, inyuma y’urupfu rwiwe rwabaye ku musi wa mbere. Televiziyo y’igihugu ca Ethiopia yarerekanye abantu isinzi bari ku mabarabara igihe imodoka yari itwaye ikiziga ca Zenawi yarengana mu mabarabra yo ku murwa mukuru wa Ethiopia, Addis Abeba.

Abategetsi b’igihugu ca Ethiopia ntibatangaje aho Meles yapfiriye canke impamvu y’urupfu rwiwe, yamara Meles Zenawi yari afise imyaka mirongo itanu n’indwi yari azwi ko yari yajanywe mu bitaro I Bruxelles mu ndwi zitari nke zirangiye.
Meles yashitse ku butegetsi mu mwaka w’1991, ayoboye urunani rw’imirwi yagwanya ubutegetsi yitwa, EPRDF, n’ukuvuga Ethiopian People’s Revolutionary Democratic Front ).

Medhane Tadesse, umushakashatsi mu kigo, Center for Policy Research and Dilogue ku murwa mukuru Addis Abeba, yavuze Ehtiopia itakaje vyishi kubera urupfu rwa Meles Zenawi.

Tadesse avuga ko Meles Zenawi yaranguye ibitari bike mu gushimikira cane ku butunzi bw’igihugu ciwe n’uguha ubwigenge kurushiriza mu vya politike intara zigize igihugu.
Tadesse avuga kw’umugambwe ari ku butegetsi wa Meles Zenawi washoboye gushira imigambi y’ikiyangihumbi yerekeye iterambere mu migambi y’igihugu. Ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ritangaza kw’igihugu ca Ethiopia cakoresheje ibice mirongo itandatu kw’ijana vy’amafranga ose igihugu gikoresha ku burimyi, indero, ubuzi n’ibindi bisata bijejwe kugabanya ubukene bw’abanyagihugu mu kiringo c’imyaka indwi irangije.
Meles Zenawi yarashikirije iviyumviro vyiwe ku bijanye n’iterambere mw’ijambo yashikirije mu nama nkuru y’ishirahamwe O-N-U mu mwaaka w’2010.

Meles Zenawi yatangaje bashize kazoza kabo mu minwe yabo, ko batunganije imigambi yabo bwite baratororokanya uburyo igihugu gifise kugira bashikire imigambi y’iki nyagihumbi yerekeye terambere. Yamenyesheje ko bakorsheje neza infashanyo igereranye yatanzwe n’amakungu kugira bongereze ku twigoro twabo bwite.

Yamara Leslie Lefkow wo mw’ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka muntu, Huma Rights Watch, yatangaje kw’iragi rya Meles Zenawi rizotosekazwa n’ityozwa ry’agateka ka muntu mu gihugu ca Ethiopia.

Umpfasoni Lefkow yatangaje ko mu kiringo c’imyaka indwi irangiye, igihugu ca Ethiopia cateye kija mu nzira mbi ku bijanye n’agateka ka muntu. Yavuze ivyo yise itoteza ry’abajejwe igikorwa c’ugutangaza amakuru bigenga, n’abaharanira demokrasi n’agateka ka muntu muri Ethiopia, yongera anebagura Meles Zenawi kuba yarataye mu nvuto abamenyeshamakuru canke agatuma bahunga igihugu.

Lefkow, yatangaje kw’umutekano ari ikibazo kozotera amakenga akomeye kuri Ethiopia n’akarere kose k’ihembe rya Afrika.

Umupfasoni Leslie Lefkow yatangaje inzego za politike muri Ethiopia zitakoreye ahabona, ngw’ubutegetsi nabwo bashizwe mu minwe y’igitigiri gitoyi c’abantu bari mu mugambwe uri ku butegetsi.

Lefkow yatangaje hashobora kuba ukuniganira ubutegetsi hagati ya bamwe muri ako kagwi gatoyi k’abari mu mugambwe uri ku butegetsi, mu gihe imwe mu migwi igwanya ubutegetsi yitwaje ibigwanisho n’ibihugu bihugu bikomeye vyo mu karere nka Eritrea bishobora kugerageza kuhabobonera akaryo mu gihe abafise abutegetsi batoba baramenyekana.

Andrew Asamoah, umushakashatsi mu gihugu ca Afrika y’epfo, aravyemera:
Asamoah avuga bamwe mu banya Ethiopia baafise ubwoba ko hashobora kuba ikibazo c’umutekano, kubera Meles yatwaye igihugu ca Ethiopia mu kiringo kirenga imyaka mirongo ibiri. Yatangaje kw’urupfu rwa Meles rushobora gutuma haba ibibazo ku bijanye n’umutekano.

Ku rundi ruhande, David Shinn, yahoze ari Ambassadeur wa Amerika mu gihugu ca Ethiopia yatangaje ko yiteze uguhererekanya ubutegetsi ata ngorane, ata ruhagarara canke umutekano muke.

Ku vyerekeye politike yo hanze, Shinn avuga ko uruhara rwa Meles Zenawi ku bibazo bikomeye vyerekeye akarere ka Afrika n’amakungu bbizofasha iragi ryiwe.

Shinn atangaza ko Meles yitandukanije kurusha abandi bategetsi b’ibihugu vyo kw’isi n’abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika ubuyobozi bwiwe ku bibazo nk’ihindagurika ry’ibihe, n’ugushaka kwiwe ku vyerekeye kugira uruhara mu bikorwa vy’nteko zijejwe gucungera umutekano, mu kurungika inteko muri Somalia canke guhangana n’igihugu bitacana uwaka ca Eritrea.

Kimwe mu bintu bikomeye vyerekeye politike yo hanze ya Meles Zenawi yari imigenderanire yari ikomeye na Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu kiringo c’imyaka itari mike. Ethiopia yararungitse inteko muri Somalia incuro zibiri guhangana n’abagwanyi b’aba Islamu babonwa na Amerika ko bageramiye umutekano mu karere.

John Temin wo mu kigo, US Institute of Peace nawe nyene yavuze ko Meles Zenawi yagize uruhara rukomeye mu migenderanire hagati ay Sudani na Sudani yo mu bumanuko.

Temin yavuze ko Meles yari afitaniye imigenderanire myiza n’abategetsi b’ibihugu vya Sudani na Sudani yo mu bumanuko. Ko akwiye gushimirwa ku ntambwe izarizo zose ku vyerekeye ibiganiro zashitsweko hagati y’ivyo bihugu bibiri bidacana uwaka vyashitseko mu myaka irangiye.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere, Hailemariam Desalegn azorangiza ikiringo c’imyaka itatu yaari isigaye ku kiringo ca Meles Zenawi.
XS
SM
MD
LG