gahunda y'itangazamakuru
Amakuru mu Gitondo
Ingingo zigize amakuru ya kino gitondo: Kuva umwaka w’ishure w’2021 ushira uw’2022 utanguye, nta ma na rimwe ry’amazi riboneka ku mashure abiri afise uburaro ari ku mutumba witwa Kwibuka, uri muri komine n’intara ya Gitega mu Burundi. Mu makuru agezweho mu gisata ca Sport, Umugwi w’Urunani ni wo watahukanye igikombe mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe rya Basketball mu Burundi. Urunani rwatsinze Dynamo mu rukino rwa nyuma ku manota 95 kuri 73. Mu Rwanda, Ekipe ya Kiyovu Sport iracari ku mwanya wa mbere muri shampiyona y'umupira w'amaguru mu kiciro ca mbere
Amakuru y'Akarere
Ingingo zigize amakuru yo kuri uno mugoroba: Umwungere wa Archidiyosezi Katorika ya Gitega, Simoni Ntamwana, ahanura abatwara Uburundi kudakumira abatavuga rumwe nabo. Mu yagezweho irya n'ino kw'isi, muri Senegali abanyagihugu bazindukiye mu matora y’abakuru b’ibisagara n’izindi nzego z’ibanze. Abatalibani nabo bari mu biganiro n'ibihugu biteye imbere