Uwatsinze Amatora Hagati ya Trump na Biden Ntaramenyekana

Umukandida w'umudemokrate, Joe Biden ariko atera aja imbere y'uwo bahiganwa, umurepubulikani Donald Trump mu gihe igikorwa c'uguharura amajwi yavuye mu matora yabaye ku musi wa kabiri w'iyi ndwi muri Reta zunze ubumwe z'Amerika kibandanya.

Itangazamakuru muri Amerika ntiriratangaza umukandida ribona ko azotsinda muri za reta zitandatu. Ni ukuvuga Alaska, Arizona, Georgia, Nevada, Carolina yo mu buraruko na Pennsylvania.

Ejo ku musi wa gatatu itangazamakuru ryamenyesheje ko Joe Biden ari we abonwa ko yatsinze amareta ya Michigan na Wisconsin, reta uko ari zibiri Prezida Trump yatsinze mu matora yo mu mwaka w’i 2016.

Joe Biden yatangaje ejo ku musi wa gatatu ko adashaka gutangaza ko yatsinze amatora, ko yamara ashaka kumenyesha ko n'iyo igikorwa c’uguharura amajwi carangira, yemera ko azotahira intsinzi.

Biden ashobora kuronka amajwi 270 y’intumwa ziserukira amareta akenewe kugira atsindire ikibanza ca prezida hamwe yoguma ari imbere muri reta ya Arizona na Nevada.

Yamara Prezida Trump aracafise amahirwe y’ugutsinda hamwe yorengana Biden muri imwe muri reta ari imbere yiwe muri iki gihe.

Amareta nta angaza uwatsinze amatora imbere yuko amajwi yose aharurwa. Yamara itangazamakuru rirashobora gutangaza uwo ribona ko ari we azotahira intsinzi mu gihe ribonye ko amajwi aba asigaye ataraharurwa adahagije kugira ahindure ibivuye mu matora.