Urupfu rwa Martin Luther King mu Masanamu

Ino sanamu ya Martin Luther King, yafashwe igenekerezo rya gatatu ukwezi kwa kane mu 1968. Hari umusi umwe imbere y'uko agandagurwa. Ni isanamu yafatiwe kw'ihoteri yitwa " Lorraine", yahavuye agandagurirwako

Isanamu ya nyuma yerekana Martin Luther King imbere y'uko agandagurwa

Isanamu yerekana inzu zaturiwe mu myiyerekano yabaye umunsi umwe inyuma yaho Martin Luther King yiciwe. Iyo myirekano yabereye mu gisagagara ca  Washington DC
 

Bimwe mu binyamakuru  vyo mu Bwongereza vyanditse kw’iyicwa rya Martin Luther King
 
 

Bamwe mu baje kunamira Martin Luther King  amaze kugandagurwa

Inyuma y’imisi ibiri agandaguwe mu gisagara ca Chicago habaye imyiyerekano yadutsemwo guturira amazu
 

Abantu isinzi baje guherekeza Marti Luther King mw’ishengero baptiste d'Ebenezer  ryasomewemwo imisa yiwe
 

Umutambukanyi wa Martin Luther King, Coretta Scott King, n'abana babo ku musi wo ku mushingura 

Coretta Scott King, amarira mu maso, vyanse ko yakira urupfu rw'umunega wiwe 
 

Bamwe mu bagiye gushingura Martin Luther King