Urubanza rw'Umucamanza Azira Kwicara ku Ntebe ya Nkurunziza

Egide Nahayo

Sentare ntahinyuzwa mu Burundi kuri uno wa gatanu yumvirije urubanza rw'umucamanza yafashwe mu 2019 azira kwicara no kwifotorezamu ku ntebe ya Perezid Pierre Nkurunziza.

Egide Nahayo yahagarikiwe mu ntara ya Rumonge mu kwezi kwa mbere ko mu 2018 hahejeje kuba inama nkuru y'ubucamanza yari irongowe na Nkurunziza.

Mu vyo yagirizwa harimwo ugushaka kwihagira amabanga y’umukuru w’igihugu n’ukumucapfuza co kimwe n’umushikiranganji w’ubutungane.

Mu gihe abamwunganira bari basavye ko yobanza kurekurwa akaburana yidegemvya imbere, uwuserukira Leta muri urwo rubanza yavyanse urubanza rushirwa mw’ido n’ido. Bitegekanijwe ko ingingo ya sentare izomenyekana inyuma y’ukwezi.

Egide Nahayo yigeze kuba umucamanza wa sentare nkuru ya Muha ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura yongera atwara sentare nkuru yo mu Rumonge.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Your browser doesn’t support HTML5

Urubanza rw'Umucamanza Afunzwe Azira Kwicara ku Ntebe ya Nkurunziza