Ejo

Umugambi w’Uguha Abanyagihugu Amazi Meza muri Afrika no kw’Isi.

  • Fidele Niyongabo

Umugambi w’Uguha Abanyagihugu Amazi Meza muri Afrika no kw’Isi.

Kubera iyo migambi y’uguha abanyagihugu amazi meza, abanyagihugu bakoresha umwanya bahora bakoresha mu kurondera amazi ku bindi bikogwa

Amahirahamwe yo muri Amerika ariko arahiganwa ku vyerekeye guha amazi meza abantu bagera ku muliardi kw’isi, badashobora kuronka amazi meza benshi muribo bakaba baba mu karere ka Afrika. Uburyo butandukanye bw’ugutanga ayo mazi buriko burakoreshwa.

Ishirahamwe rifise icicaro ngaha muri Amerika, Charity Water ririko rikorera mu gihugu ca Centrafrique. Scott Harrison yashinze iryo shirahamwe aravuga ku mugambi wiwe w’ukwimba iriba ry’amazi mu mihana y’ahitwa Moale. Harrison avuga ko muri iki gihe bafashije abantu barenga umulioni mu bihugu cumin a bitandaatu kw’isi kuronka amazi meza y’ukunywa. Avuga ko uko umwaka utashe, kugira bahimbaze igihe bamaze bakora, ngo baratanguza umugambi wo mu kwezi kw’icenda ushimikira ku bihugu aho abanntu baho badashobora koronka amazi meza.

Irindi hsirahamwe ritarondera inyungu ry’abanyamerika, ryitwa, Water.Org, umwe mu barishinze ari Matt Damon umukinyi wa cinema akomeye wa Hollywoodafise imigambi itanga amazi meza mu bihugu vya Ethiopia, Ghana, Kenya na Uganda.

Kubera iyo migambi y’uguha abanyagihugu amazi meza, abanyagihugu bakoresha umwanya bahora bakoresha mu kurondera amazi ku bindi bikogwa nk’ivyerekeye utugenegene bagurisha mubisagara biri hafi yabo, mu gihe abana baronka umwanya kurshiriza w’ukuja kw’ishule.

Jay Parek, akora mw’ishirahamwe Hydros rifasha abanyagihugu kuronka amazi meza mu kuyayungurura, avuga ko ubwo buryo bugabamnya bikomeye indwara zifatira mau mazi. Abanyagihugu bo mu mihana y’ahaitwa Gundon mu gihugu ca Cameroun bagereye Parekh yahoze yiga kw’ishule kaminuza ya Pennsylvania, aho yakoze ku mugambi nkuwo haraheze imyaka itari mike n’umugwi, ‘Engineers Without Borders’ mu gice kiri hafi yaho.

Parekh avuga ko kuri we ikibazo c’amazi meza kw’isi arico kibazo gikomeye cane kigeramira abantu kw’isi, akaba abona ko amakungu adashimikira bihagije kuri ico kibazo. Amenyesha ko kubera yakoze ku vyerekeye gufasha gushiraho uburyo butuma haboneka amazi meza ku banyagihugu mu mwanya wose yamaze mu mashule ya mbere kaminuza, avugako atigeze abanza kwibaza ibibazo ku vyerekeye ikibazo c’ukuronsa abanyagihugu amazi meza avuga ko ashaka kuba umwe mu bantu bazogitorera inyishu.

Parekh avuga ko mu gihe kirekire kiri imbere ishirahamwe akorera, Hydros, ririko rirondera gushiraho uburyo bukora neza kurushiriza bw’ukuyungurura amazi bwokora ku ma robinets y’amazi mu bisagara vyo mu bihugu bibiri mu nzira y’amajambere.

Eugene Cloete yatunganije tumwe muri utwo twigoro mu gihugu ca Afrika y’epfo kw’ishule kaminuza ya Walter Institute Of Stellenbosch University. Cloete avuga ko ubuhinga bwatunganijwe mu ma laboratories yabo, bukaba bufatira kw’ikoreshwa ry’icupa ry’amazi rishobora gukoreshwa incuro nyinshi. Muri iryo cupa bakaba bafise uburyo buyungurura amazi.

Hari ubundi buryo nk’ubukoreshwa n’igihugu ca Danemark bwitwa, LifeStraw bukura mu mazi ama bacteria nka yose. Bamwe mu banebagura ubwo buryo bavugako inyishu ziciye mu kuyungurura amazizizimvye cane ku bakene.

Abahinga ku bibazo vyerekeye iterambere nabo nyene bavuga ko ubwo buryo budatorera inyishu ikibazo c’ugushobora kauronka amazi meza.

Yamara bavuga ko ihiganwa rihari muri iki gihe ku vyerekeye kuronsa abanyagihugu amazi meza ari ihiganwa rifise akamaro, ko biriko bituma haba ivyiyumviro bishasha bigirira akamaro abakeneye kuronka amazi meza.