Ubushinwa Busuzugura Abategetsi b'Amerika ku Mazina Bita COVID19

Geng Shuang umuvugizi w'Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa n'ayandi makungu

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu w'Ubushinwa aranegura yivuye inyuma amajambo akoreshwa na mugenzi we wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika ku bijanye n’ikiza ca Corona.

Ni inyuma yaho ejo ku wa gatatu Mike Pompeo mu kiganiro n'abamenyeshamakuru yise virusi ya Corona "ikiza c'i Wuhan". Muri ico kiganiro, Pompeo yagirije ubushinwa gukwiragiza ibihuha vy'iyo ngwara yatanguriye mu ntara y'Ubushinwa ya Wuhan.

Mu kiganiro asanzwe agirana n'abamenyeshamakuru iminsi yose ku wa kane, umuvugizi w'ubushikiranganji bw'Ubushinwa bujejwe imigenderanire n'amakungu, Geng Shuang, yavuze ko Pompeo aguma akoresha ijambo "Ikiza c'i Wuhan" mu ntumbero yo gusuzugura Ubushinwa no kuyovya abantu.

Mu bandi bategetsi b'Amerika bamaze kunebagurwa kubera ugukoresha ijambo "Ikiza c'i Wuhan", harimwo Perezida Donald Trump.