Ibinyamakuru, Radiyo na Televiziyo vya Reta y’igihugu c’Ubushinwa vyatangaje kw’imwe mu ma Sosiyete akomeye y’ibitoro y’ico gihugu, China National Offshore Oil Corp mu ncamake, CNOOC, iri mu biganiro na Reta ya Uganda ku vyerekeye gushira imitahe yayo mu mugambi wa mbere w’igihugu ca Uganda w’ukwubaka ikibanza kijejwe guhingura ibitoro.
Ikinyamakuru c’Ubushinwa, Chana Daily, catangaje ejo ku musi wa kane kw’iyo Sosiyete ifise imigambi y’ugushira imitahe yayo muri iyo projet, izoba iri mu karere k’ikiyaga Albert mu burengero bw’igihugu ca Uganda.
Ico kinyamakuru, China Daily catangaje kw’Isosiyete icukura ibitoro y’Abafransa, Total n’Isosiyete y’ibitoro y’Abongereza, Tullow Oil nayo nyene afise imigambi y’ukugira uruhara muri uwo mugambi w’umuliardi n’imiliyoni amajana atanu z’amadolari. Ico kinyamakuru catangaje kw’impande zegwa n’uwo mugambi zikiriko ziraganira ku vyerekeye iyo mitahe izogabanganywa.
Ico kibanza kigenewe guhingura ibitoro bitegekanijwe ko kizotangura ibikorwa vyaco mu mwaka w’2015, kirondera gushika ku ngunguru ibihumbi amajana abiri z’ibitoro ku musi.
Bitegekanijwe ko kwimbura ibitoro muri Uganda bizotangura mu mwaka w’2013.