Uburundi Bwoba Bugiye Kwongera Kunagura Imigenderanire na ONU?

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye na Madamu Bintou Keita, aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU ku mugabane wa Afrika

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigiye gufata mu mugongo imigambi nyamukuru prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yashize imbere hamwe n'igikorwa co gutahukana impunzi, ukuzifasha zigeze iyo zija no gusahiriza abasangwa baba ahatahuka impunzi.

Ivyo vyatangajwe na Bintou Keita, aserukira umunyamabanga mukuru wa ONU ku mugabane wa Afrika kuri uyu wa mbere mw'ijoro i Bujumbura. Yari ahejeje kwakirwa n'umushikiranganji w'imigenderanire n'ayandi makungu.

Uwu mukenyezi arongoye intumwa za ONU zizomara indwi mu Burundi ziga ukuntu ugufashanya hagati y'iryo shirahamwe mpuzamakungu n'Uburundi vyokomezwa kurusha.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Albert Nshingiro nawe yemeza ko imigenderanire hagati ya ONU n’igihugu ciwe igiye kuba myiza ku rusha kubw’ineza y’abanyagihugu.

Imigenderanire hagati y’Uburundi na ONU yagiyemwo agatotsi kuva mu mwaka w’2015. Incuro zitari nke, ukwihweza uko ibintu vyifashe mu mahuriro y’akanama ka ONU kajejewe amahoro n’umutekano vyariyamirijwe na Reta ivuga ko ari agasotoro n’agasuzuguro bitumwa n’ibihugu bimwe bimwe vya rutura vyananiwegutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu.

Mu kwezi kwa gatatu umwaka w’I 2019, Uburundi bwugaye ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu inyuma y’imyaka 23 vyari bihakorera. Kuva mu kw’icumi 2016, Uburundi bwari bwahagaritse imigenderanire n’ico gisata inyuma yaho raporo y’abahinga ba ONU bigenga yerekaniye ko hari amabi yakorewe abatavuga rumwe n’ubutegetsi canke abikekwa kubugwanya harimwo ukubica n’ukubaboreza igufa.

Nta wuzi niba iki kibazo kiri ku rutonde rw’ibintu izi ntumwa za ONU zatanguye urugendo rw’indwi kuri uyu wa mbere zizovugana n’abategetsi. Ariko Ijwi ry’Amerika amakuru rikesha abegereye ibiganiro biba n’uko abategetsi b’Uburundi bamaze kugabisha izi ntumwa ko mu vyo zifuza vyose zomenya ko “ Uburundi ari igihugu cigenda kandi atawukibwiriza ico gikora canke ngo akivogere” Kuri uyu wa kabiri, zakiriwe na prezida Evaritse ndayishimiye.

Umviriza Ibindi mu Majwi y'Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy-Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

ONU Yavuganye iki n'Abategetsi b'Uburundi?