Uburundi Bwatangaje ko ata Basirikare Bufise muri Kongo

Igisirikare c’Uburundi kiratangaza ko ata basirikare baco bagiye kurwanira mu buseruko bwa Kongo. Umushikiranganji wo kwivuna abansi Tribert Mutabazi yabitangarije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Ni inyuma y’aho amashirahamwe yigenga akorera muri ako gace avugiye ko ahangayikishijwe n’abasirikare b’Abarundi bateje umutekano muke mu buseruko bwa Kongo muri iyi minsi.

Umuhari Red-Tabara urwanya reta y’Uburundi na wo nyene wemeje ko uri mu ntambara n’abasirikare b’Abarundi. Yamara umushikiranganji wo kwivuna abansi yavyamiriye kure.

Ni inkuru dushikirizwa n'umumenyashamkuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru:

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Buvuga ko Ata Basirikare Bufise muri Kongo