Leta y'U Rwanda itangaza ko yatanguye gahunda yo gucandanga ikiza ca Covid-19. Mu Butumwa bugufi ubushikiranganji bujejwe ivy'amagara y'abantu bwacishije ku rubuga rwabwo rwa Twitter, bwatangaje ko ugucandaga kwatanguriye mu mirwi y'abashobora kwandura vyoroshe barimwo abakorera mu gisata c'ubuvuzi n'abakurikirana abarwayi b'ikiza ca Corona ku munsi ku munsi.
Gahunda ya Minisiteri y%27Ubuzima yo gukingira #COVID19 yatangiriye ku matsinda y%27abafite ibyago byo kwandura kurusha abandi by%27umwihariko abita ku barwayi ba #COVID19 mu mavuriro. https://t.co/xhFfXFy50r pic.twitter.com/21HrGdOuQH
— Ministry of Health | Rwanda (@RwandaHealth) February 14, 2021
Muri ubwo butumwa butatomoye igitigiri c'abacandazwe mu mwanya wa mbere, ubwo bushikiranganji buvuga ko ari igikorwa cakozwe hifashishijwe incanco zemewe n'ishami rya ONU ryita ku magara y'abantu, OMS, "zabonetse ari nkeya cane".
Iki gikorwa ca mbere kizokurikirwa n'umugambi wagutse wo gucandaga igitigiri kinini hakoreshejwe inkingo zizoboneka muri uku kwezi biciye mu mugambi wo gukwiragiza incanco kw'isi witwa, Covax, hamwe n'incanco zizotangwa n'ikigo c'Umuryango w'Ubumwe bwa Afurika kijejwe gukwiragiza imiti. Nta makuru arenze kuri aya ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu Rwanda buratanganza.
Abamaze kwandura umugera wa Corona mu Rwanda barenga ibihumbi cumi n'indwi n'amajana abiri. Muri abo, abarenga ibihumbi cumi na bine n'amajana ane baramaze gukira, 14 nabo ni indembe nkuko ibiharuro biva mu babijejwe bivyerekana.