Igitero ca al-Qaida muri Somaliya

Somalia: imodoka ya Al-Shabaab itezwemwo ibombe yaturikiye imbere y'inzu y'uburiro iri i Mogadishu   

Muri Somaliya, umuduga utezwemwo ikibombe waturikiye ku mugwa mukuru wa Somaliya, I Mogadiscio, hari ku muhingamo wo kur’uyu wa gatandatu. Ico gitero cagana abajejwe umutekano, cahitanye abantu babiri bahasize ubuzima, abashika kuri 6 barakomereka.

Umutegetsi mu bajejwe umutekano amenyesha ko imodoka yo mu bwoko bwa Toyota Corolla, yaje yuzuye amabombe, aca aturikira imbere y’inzu y’uburiro Blue Sky.

Inyuma y’ico gitero, umugwi al-Quaida, usanzwe ukorana n’umugwi al-Shabab, waciye usohora itangazo, aho wemanga kw’ariwo wakoze ico gitero, kandi ko cari kigamije gutera abajejwe umutekano bakorera mw'ibohero ry'ibiro bijejwe iperereza ku gwego gw'Igihugu, riri hafi y’aho ico igitero cabereye.