Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu mu Burundi Gaston Sindimwo yagiriza radiyo na televiziyo vy’ico gihugu, RTNB, kudaha umwanya ungana abakandida bazohiganira intebe ya perezida mu matora yo mu kwa gatanu.
Mu kiganiro cihariye yahaye Ijwi ry’Amerika, Sindimwo yemeje ko ibi bishobora kuzana icuka kibi hakaba n'abinubira ibizova muri ayo matora.
Uwo munyepolitike azoserukira umugambwe UPRONA yananeguye ingendo imaze imisi yibonekeza, aho umukandida w'umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD agabirwa ibitungwa n'ibiribwa mu ntara agendeye, ibikorwa vyose bigahagarara.
Kuva yemejwe ku wa 26 ukwezi kwa mbere, Evariste Ndayishimiye amaze kugabirwa inka zitari munsi ya 66 mu ntara zitandatu.
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.
Your browser doesn’t support HTML5
Sindimwo Aranegura Ingendo Zimwe Zimwe za CNDD-FDD na RTNB