Rwanda: Inkuba Yishe 16 Ikomeretsa 140 Bari mw'Isengero

Imwe mw'isengero mu Rwanda

Abantu 16 barahitanywe n’inkuba yakubise isengero ry’aba Adventiste bo ku musi w’Indwi riherereye mu majepfo y’u Rwanda kuri uno wa gatandatu.

Bwana Habitegeko Francois, arongoye akarere ka Nyaruguru kabarizwamwo iryo shengero, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ko abagera ku 140 ari bo bakomerekejwe n’iyo nkuba.

Ubutegetsi bwo mu karere ka Nyaruguru buvuga ko ku musi wa gatanu muri ako karere nyene, impanuka nk’iyo yakomerekeje abanyeshuri 18 yicamwo umwe.