Reta y'Amerika Yongereje Ubuzi 850000

Ubwo buzi bwiyongeye cane cane mu bisata vy’ukwinezereza n’ukwakira abantu nk’amahoteri n’uburiro vyari vyasinzikajwe bikomeye n’ingaruka z’ikiza ca Covid-19.

Ubwo buzi bwiyongeye mu birengeye ivyo abahinga mu vyerekeye ubutunzi bari biteze. Ivyo bibaye amezi abiri inyuma y’uko ibitigiri vyerekeye ubuzi bitari bishemeye.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafransa, AFP, rimenyesha ko yamara naho biri uko, urugero rw’ubushomeri rwariyongeye gushika kuri 5.9 ruvuye kuri 5.8 kw’ijana mu kwezi kwa gatanu. Urwo rugero ku birabure rwariyongeye rushika kuri 9.2 kw’ijana.

Mu gihe Reta zunze Ubumwe za Amerika zagize intambwe ziboneka mu rugamba rwo kurwanya ikiza ca Covid-19, amahoteri n’uburiro vyarasubiye kwugurura, birinjiza abakozi mu buryo bwihuta.

Ivyo bisata vyongereje ubuzi 343,000 mu kwezi guheze. Yamara haracabura ubuzi imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana abiri y’ubwari buhari mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2020.

(AFP)