Umugambwe CNL Wagirizwa Gusomborotsa Abo Batavuga Rumwe

Pierre Nkurikiye

Igipolisi c'Uburundi cagiriza abanywanyi b'umugambwe CNL ko muri iyi misi itatu y'imyiyamamazo bamaze imisi banyuruza bakanakubita abantu batari mu migambwe batavuga rumwe.

Pierre Nkurikiye, umuvugizi w'igipolisi amenyesha ko abazofatwa bazofungwa kandi bagahanwa hisunzwe amategeko.

Afatiye ku vyashikirijwe na Agathon Rwasa, umukuru w'uwo mugambwe ko abanywanyi biwe bazivuna uwuzobatera, ahamagarira abanyamigambwe kwirinda agasotoro bakitura inzego zibijejwe iyo barenganijwe.

Inkuru y'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza

Your browser doesn’t support HTML5

Abanywanyi b'Umugambwe CNL Bagirizwa Gusomborotsa Abo Batavuga Rumwe