Perezida wa Kenya Uhuru Yahinduye Bamwe mu Bagize Reta

Uhuru Kenyatta

Perezida wa Kenya Uhuru Kenyatta yahinduye bamwe mu bagize Reta yiwe.

Ukuru Yatani yagenywe mu mabanga y’umushikiranganji ajejwe ikigega. Yatani yari umushikiranganaji ajejwe ikigega vy’agateganyo kuva mu kwezi kw’indwi ko mu mwaka wa 2019.

Ukur Yatani asubiriye Henry Rotish yakobowe yagirizwa gukoresha nabi amafaranga ya Reta.

Perezida Kenyatta yahinduye kandi umushikiranganji ajejwe uburimyi, uw'amagara y'abantu n’amahinguriro.