Abantu 71 Bahitanywe n'Umuriro muri Gari ya moshi muri Pakisitani

Abantu 71 bahitanywe n’umuriro wadutse muri gariyamoshi yari igwiriyemwo abagiye gusenga muri Pakistani mu gatondo k’uno wa kane. Abakomeretse ni 44.

Abategetsi muri ico gihugu bavuze ko ari umuriro wavuye kuri bombone yarimwo gaz yaturitse giturumbuka igihe zimwe mu ngenzi zariko ziteka infungurwa zabo.

Mu gihe zimwe mu mboneshakurue zikorera muri Pakistani zerekanye imiduga itari mike yoba yaturiwe n’uwo muriro, abajejwe uruja n’uruza rw’abantu n’ibintu muri ico gihugu bavuze ko imodoka zahiye ari zitatu gusa.

Umushikiranganji ajejwe ivy’agateka ka zina muntu Shireen Mazari mu butumwa yacishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yavuze ko iyo nsanganya yatewe n’ico yise “ugusamara” kw’abakozi ba gariyamoshi kuko ubundi ata muntu n’umwe arekuriwe kwinjirana ikintu gishobora gukwiragiza umuriro vyoroshe nka Gaz.

Uwo mushikiranganji yasavye amatohoza yihuta asigura ko ingenzi zabwirizwa gusakwa imbere yo kwinjira.