Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon na Perezida w’Uburundi Petero Nkurunziza baganira n’Abanyamakuru I Bujumbura (tariki ya 23/02/2016)

Your browser doesn’t support HTML5

Umukuru w'igihugu c'Uburundi Pierre Nkurunziza yafashe ingingo yo kurekura abanyororo bashika ibihumbi bibiri. Ivyo yabyemereye umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki-moon igihe yamuha umubonano. Umukuru wa ONU mu rugendo rw'imisi ibiri yaramaze mu Burundi yavuze ko abanyepolitike harimwo na Perezida Nkurunziza biyemeje kuja mu biganiro bidakumira.