Nelson Mandela yahoze ari prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, yarasuzumwe ku vyerekeye amagara yiwe mu bitaro vyo mu gisagara ca Johannesburg, ejo ku musi wa gatandatu.
Prezida w’igihugu ca Afrika y’epfo muri iki gihe, Jacob Zuma, yamenyesheje mw’itangazo ko amagara ya Mandela muri iki gihe afise imyaka mirongo icenda n’itatu atageramiwe ko vyitezwe kw’ava mu bitaro uno musi ku w’Imana canke ejo ku musi wa mbere.
Prezida Zuma yamenyesheje ko Mandela ameze neza, kw’abaganga biwe banejerejwe n’ukugene ameze.
Umuvuguzi wa prezida, yatangaje kw’amagara ya Mandela yari akeneye kwitabwaho n’abahinga mu vy’ubuvuzi.
Umuvugizi w’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, yavuze kw’abantu badakwiriye kugira ubwoba, kw’ugusuzuma amagara ya Mandela ari ikintu cari caateguwe.
Nelson Mandela yapfunzwe imyaka mirongo ibiri n’indwi imbere yuko arekurwa mu mwaka w’1990. Imyaka ine inyuma yaho yabaye prezida wa mbere w’umwirabure w’igihugu ca Afrika y’epfo, mu vyarangije