Musenyeri Simon Ntamwana Arasigura Bimwe mu Bituma "Uburundi Budatera Imbere"

Your browser doesn’t support HTML5

Simon Ntamwana, yahoze ari musenyeri mukuru wa Diyoseze ya Gitega ari mukaruhuko k'iza bukuru akaba yararongoye inama y'abepiskopi katolika mu Burundi avuga ko ingorane ituma Uburundi budatera imbere ari uko abashitse ku butegetsi bakoresha inzego zirimwo igisirikare n'ubutungane kugira bigize inyuma abo batavuga rumwe no kunyonora amatungo y'igihugu. Yemeza ko n' ubu iyo ngendo icibonekeza akamenyesha ko amacakubiri y'ubwoko mu Burundi ata gaciro afise mu mitima y'abantu ariko ko abayakwiragiza babikora kugira basamaze abantu. Yahaye ikiganiro Ijwi ry'Amerika muri kino gihe ca Pasika kigeze ariko ahimbaza imyaka 50 iheze yatiwe mw'ibanga ryo gukorera Imana.